Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bene Data, jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’ inyuma, kandi nshingīra ibir’ imbere,

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:13
15 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana.”


Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite