Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:12
44 Referans Kwoze  

None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.


Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Turanezerwa iyo tuboneka nk’abanyantegenke ariko mukaboneka ko muri abanyenkomezi. Kandi turabasengera ngo mutunganywe rwose.


Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikazokurwaho.


Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.


Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi nk’urufatiro rwiza rwa kazoza rwo kugira ubuzima nyakuri.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Mwegereye ikoraniro ry’imfura z’Imana, bandikishije amazina yabo mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.


Nuko rero, nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!


bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.


Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.


Ivyo tubona ubu ni nk’ivyijiji mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona neza vyose amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite