Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:30
15 Referans Kwoze  

Naranezerewe cane numvise ko Setefana, Forotunate na Akayiko bashitse ngaha. Bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose mu kibanza canyu.


Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.


Ni vyo yararwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukurwa n’uwundi.


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.


Uyu mubiri wacu ubora uzoca wambara ukutabora, kandi uwu mubiri wacu upfa uzoca wambara ukudapfa.


Ni kenshi bahatswe gupfa bagomba gukiza ubuzima bwanje. Ivyo, si jewe jenyene ndabibashimira, ariko ni amashengero yose y’Abanyamahanga.


Ni ukuvuga ko urupfu rukorera muri twebwe, kugira ngo ubugingo bukorere muri mwebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite