Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Nuko mumwākīrane umunezero mwinshi kubg’ Umwami wacu; kand’ abameze nk’uwo mwame mububaha;

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:29
21 Referans Kwoze  

Abakuru b’ishengero barongoye ishengero neza bakwiye gufatwa neza na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.


Bene Data, turabinginze ngo mwubahe abakorera muri mwebwe, babarongoye mu gikorwa c’Umwami, kandi babarongora mu vy’Impwemu.


Baranteye intege nk’uko babateye intege. Abantu nk’abo ni abo gushimira ku bw’ibikorwa vyiza bakora.


Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe.


kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.


Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.


Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.


Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”


Maze ivyo bibaye, baduha icubahiro cinshi, hanyuma hageze ko tugenda badutekerera ivyo tuzokenera vyose mu rugendo.


Maze haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”


Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”


Ni co gituma nezerewe cane no kumubarungikira, kugira ngo nimwamubona muze munezerwe, nanje nsubize umutima mu nda ku bwanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite