Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yarwaye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:26
23 Referans Kwoze  

Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.


Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera


Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda.


Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.


Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.


Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.


Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.


Kandi bazobasengera n’umutima w’urukundo, kubera ubuntu busesekaye Imana yabagiriye.


Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.


Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire za Mpwemu, ndabakomeze mu Mwami.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.


Ni vyo yararwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukurwa n’uwundi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite