Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:7
34 Referans Kwoze  

Ibi sindiko ndabivuga mu kubacira urubanza. Nababwiye ko muri mu mitima yacu, kandi ko turi kumwe namwe dupfa canke tubaho.


kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.


Mwagize neza kwifatanya nanje mu mibabaro ndimwo.


ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.


Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.


Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bakayatahura.


Urukundo rurenzako muri vyose, rwizigira vyose, rwizera vyose, rwihanganira vyose.


Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.


Wa mukuru w’abasoda aca araseruka, aramufata, ategeka ko bamubohesha iminyororo ibiri, hanyuma abaza uwo ari we n’ico yakoze.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere.


Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo.


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,


Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite