4 Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero
4 kand’ uko nsenze kwose mbasengera mwese nnezerewe,
Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka.
Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.
Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka
nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero.
Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.
Kuko naho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.
None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.
Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.
Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”
Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.