Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 ngo muze murushirize kunyirata muri Kristo Yesu nsubiye kugaruka i wanyu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:26
14 Referans Kwoze  

muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe.


Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza.


Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.


Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite