Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Kandi kubera ivyo ndazi ntakekeranya ko nzokomeza kubaho, kugira ngo nkomeze kubafasha gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi ko nizigiye ivyo, ndazi neza yuko nzogumaho, nkabana namwe mwese, kugira ngo muje imbere, munezererwe ukwizera;

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:25
17 Referans Kwoze  

Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


None rero ndazi ko mwebwe abo nabwiye Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami ata n’umwe azosubira kumbona.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye.


Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri.


Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite