Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:21
16 Referans Kwoze  

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Twumva turemye nk’uko nabivuze, kandi icotubera ciza ni uko twova muri uwu mubiri, kuko twoca twigira i muhira kwibanira n’Umwami wacu.


Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.


Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,


Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.


Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.


yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,


Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi ku bwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite