Filipi 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe20 Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje. Gade chapit laBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)20 nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye. Gade chapit la |
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.