Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 kuko nzi yukw ivyo bizomviramw’ agakiza, munsengeye kandi ndonkejwe Mpwemu wa Yesu Kristo;

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:19
11 Referans Kwoze  

Kandi turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.


Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.


Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.


Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite