Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Har’ ico biriko? Kizima mu buryo bgose, ari mu buryarya ari mu kuri, Kristo avugwa, kand’ ivyo ndabinezererewe, kandi nzokwama mbinezererwa;

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:18
13 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko uwutabagwanya aba ari ku ruhande rwanyu.”


Ariko yaba jewe, yaba bo, ivyo ni vyo twigisha, kandi ni vyo mwizeye.


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?


None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!


None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha,


Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite