Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Barya bandi bo bigisha Kristo ku bw’inyungu zabo, badasunitswe n’umutima utunganye, kuko kugomba kunteza imibabaro mu gihe ndi mw’ibohero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ba bandi ikēba ni ryo ribatera kuvuga ivya Kristo atar’ uko bivuye ku mutima, biyumvira kw ar’ ukwongera kuntoneka mu ngoyi zanje.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:17
16 Referans Kwoze  

Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”


Agiripa na we abarira Pawulo ati: “Urahawe uburenganzira bwo kwiregura.” Pawulo aca aramvura ukuboko, atangura kwiregura, avuga ati:


Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”


Ariko ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza,


Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.


Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite