4 Nama nshima Imana ibihe vyose iyo ndiko ndagusengera,
4 Nshima Imana yanje ubudasība, nguhoza mu kanwa uko nsenze,
Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.
sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.
Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga.
Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.
Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka.
Imisi yose dushima Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, iyo tubasengera,
Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.
kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.