Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kandi n’ikindi, untegurire indāro; kuko nizigiye yuko muzompabga kubg’ amasengesho yanyu.

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:22
13 Referans Kwoze  

Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.


Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.


Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.


Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.


Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.


Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.


Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.


Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo.


ambarira ati: ‘Ntutinye Pawulo we! Utegerezwa kuzoburanira imbere ya Kayisari; kandi kubera wewe, Imana izozigama ubuzima bw’abo muri kumwe bose.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite