Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 ningingira umwana wanje Onesimo, uwo navyaye ndi mw’ibohero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje,

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:10
14 Referans Kwoze  

Azananye na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.


Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.


Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


Umwe muri ba bantu arishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga.


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


Sindabandikiye ibi kugira ngo ndabamaramaze, ahubwo nipfuza kubaburira nk’abana banje nkunda cane.


Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.


Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.


Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite