Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 5:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 5:4
29 Referans Kwoze  

Ariko ubu mukwiye kwiyambura ibintu vyose bisa n’ibi: uburake, kujingitwa, ububi bwose, kuvuga abandi nabi, kandi ntihagire amajambo ateye isoni asohoka ava mu kanwa kanyu.


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari kwo gushaka kw’Imana kuri mwebwe abari muri Kristo Yesu.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


Nuko rero muze twame duha Imana ikimazi c’ishimwe duciye muri Yesu; ari co camwa c’iminwa yacu yatura izina ryiwe.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Ariko abo bantu bo batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko bitazi ubwenge kandi ivyo bibaza ngo barazi ni vyo bibahonya.


Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!


ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu.


Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.


Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


ariko igakiza Loti, umugororotsi, yababazwa n’ibikorwa bibi vyakorwa n’abagarariji


Ni co gituma, naho muri Kristo nari gushobora kugutegeka gukora ivyo utegerezwa gukora,


Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?


sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite