22 Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu.
22 Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu.
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu.
Abagore bazogume banumye mw’ishengero. Ntibemerewe kuvuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.
Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo.
None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.