Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 5:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Mubgirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu;

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 5:19
16 Referans Kwoze  

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.


Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira.


Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono.


‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje.


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite