Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 (Mbega “yaraduze” bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arikw iryo jambo ngo Yaradūze, n’iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu?

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:9
22 Referans Kwoze  

Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.


Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’ifi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.


Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika; kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro,


Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja.


None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki?


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”


Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite