Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 kandi hari Imana imwe, ni yo Data wa twese, iri hejuru ya bose, igakorera muri bose kandi ikaba muri bose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 n’Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:6
31 Referans Kwoze  

Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.


Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,


Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.


Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.


Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo.”


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite