Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:15
21 Referans Kwoze  

Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.


Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Muri we inyubakwa yose irafatanywa neza ikaduga kugira ngo ibe urusengero rwejejwe mu Mwami.


Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’ishengero.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mwumire ku vyiza.


Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.


Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite