Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Uwo yamanutse ni we nyene yaduze gushika hejuru ahasumba amajuru yose, kugira ngo yuzure ahantu hose.)

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uwo yamanutse ni we yadūze, aja hejuru y’amajuru yose, kugira ngw anengesere vyose.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:10
24 Referans Kwoze  

Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Kuko muri Kristo ari ho ukunengesera kw’Imana kuza kukaba mu buryo bw’umubiri.


kuko Imana yahimbawe n’uko ubumana bwayo bwuzuye buba muri we,


Ndababwire ukuri, abo muri runo rungamwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


kandi ngo mumenye urwo rukundo rwa Kristo naho rurengeye uko rwoshobora kumenywa, kugira ngo mu buzima bwanyu mwuzuzwe mushike ku rugezo rwo kunengesera kwose mu kumenya Imana.


Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.


Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.”


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.


Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite