Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Iryo banga ni iri: Abanyamahanga co kimwe n’Abisirayeli, bose iyo bizeye Ubutumwa Bwiza, basangira umugabane w’abana b’Imana. Bose bagize umubiri umwe, kandi basangiye n’isezerano ry’imihezagiro Imana yasezeranye muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 3:6
17 Referans Kwoze  

Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.


Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.


Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.


kuko turi ingingo z’umubiri wiwe.


Nuko rero ntimukifatanye na bo mu vyo bakora.


Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite