14 Ni kubera ivyo mpfukama imbere ya Data,
14 Ni co gituma mpfukamira Data wa twese,
kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame, ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,
Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.
Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.
Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga.
Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:
Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.
Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi ikomokako.