Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 2:7
13 Referans Kwoze  

Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,


Dusenga gutyo kugira ngo izina ry’Umwami wacu rishirwe hejuru muri mwebwe, kandi namwe mushirwe hejuru muri we, ku bw’ubuntu bw’Imana yacu n’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,


ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite