Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 2:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 2:3
54 Referans Kwoze  

Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Mubeho mwumvira Imana nk’abana bagamburuka. Ntimugasubire kubaho muhaza ivyipfuzo bibi vyabaganza mu gihe mwari mu butamenya.


Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo;


Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.


Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu.


Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.


ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama.


nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije.


N’Imana na yo, naho ifise uburenganzira bwo kwerekana uburake n’ubushobozi bwayo, irihanganira cane abantu bategerezwa kurandurwa n’uburake bwayo.


Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana!


Abagomba gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu, bitwara abantu mu guhomba no mu guhona.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo.


Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.


Mu bihe vyaheze, yaretse amahanga yose ngo yigenze uko yipfuza.


Abanyamahanga badafise ivyagezwe, iyo bakoze ivyo ivyagezwe bisaba, bamera nk’aho babifise mu mitima yabo, naho batabifise.


Ikindi, ko twemewe n’Imana nk’abagororotsi kubera amaraso ya Kristo, nta nkeka ko n’uburake bw’Imana na bwo azobudukiza.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Kera mwari kure y’Imana kandi mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu no mu bikorwa vyanyu bibi.


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite