Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’ishengero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:22
18 Referans Kwoze  

Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Kandi mwahawe ukunengesera muri Kristo, we mutwe w’ubukuru bwose n’ukuganza kwose.


kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.


Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.


Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.


Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Ni we yatubwiye ivy’urukundo rwanyu mwahawe na Mpwemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite