Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ndabasengera kandi ngo mutahure ubushobozi bw’Imana butogereranywa, bukorera muri twebwe abizera. Ubwo bushobozi ni bwo

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana,

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:19
19 Referans Kwoze  

kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri,


Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.


Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe.


Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.


Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.


Ku bw’ubuntu bwayo n’ubushobozi bwayo bwinshi, naratewe iteka ryo kuba umukozi w’ubwo Butumwa Bwiza ngo ndabukwize hose.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.


Ni co gituma twama tubasengera, dusaba Imana ngo ibafashe kugira ubuzima buhwanye n’umuhamagaro wayo, kandi kugira ngo mu bubasha bwayo, ishitse intumbero nziza n’ibikorwa vyiza vyanyu vyose biva mu kwizera.


kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu.


Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite