Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ni we ngwati y’umwandu tuzohabga, kugira ngw abo Imana yaronse ibacungure, ng’ubgiza bgayo bushimwe.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:14
18 Referans Kwoze  

Imana ni yo nyene yabiduteguriye, ica iduha na Mpwemu wayo nk’ingwati yemeza ibizoza.


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.


Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, mushire ubwoba, ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite