Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:12
21 Referans Kwoze  

Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.


“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite