Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 9:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Hejuru y’iyo sandugu hari abakerubi b’ubwiza, amababa yabo yari ashanje hejuru y’isandugu y’isezerano, ari co kibanza ivyaha vyaharirirwamwo. Ariko ibi ntidushobora kubivuga ido n’ido muri aka kanya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi hejuru yayo hār’ abakerubi b’ubgiza bateye igitūtu umutemere wo guhongerako: ivyo ntidushobora kubidonda kimwe‐kimwe nonaha.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 9:5
15 Referans Kwoze  

Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite