Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 9:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nukw isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ ibirōngōra ivy’ ubuherezi, rifise n’ahēra, ariko ho mur’ iyi si.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 9:1
14 Referans Kwoze  

Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.


Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.


Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite