Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 8:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko none, igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw ar’ umuhūza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’ iryabo.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 8:6
13 Referans Kwoze  

Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite