Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 8:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 8:2
15 Referans Kwoze  

Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.


Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana,


Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi.


Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha.


Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite