Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 8:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kw avuga, at’ Isezerano risha, rer’ irya mbere yarishājishije; arikw igisāza kikaba akāheze kiba kigira gikamangane.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 8:13
15 Referans Kwoze  

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera. Ariko urukundo ruzokwamaho ibihe vyose.


Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.


Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho. Vyose bizosaza nk’impuzu.


Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.


Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.


Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo maze ivuga iti: “Igihe kiraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogirana isezerano rishasha n’inzu ya Isirayeli hamwe n’inzu ya Yuda.


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite