Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 7:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Abaherezi bakira ica cumi ni abantu bapfa, ariko Melekisedeki we Ivyanditswe bivuga ko yamaho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi muri twebge, abantu bapfa ni bo bahabga ikigiracumi, ariko muri ya majambo yandi cahawe ūshingirwa intahe kw ariho.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 7:8
12 Referans Kwoze  

aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.


Ahandi Imana yamubwiye iti: “Uri umuherezi w’ibihe bidashira, mu buryo bwa Melekisedeki.”


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Mu gihe ca kera hari abaherezi benshi kuko urupfu rwababuza kubandanya igikorwa.


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Mbega ni ba nde bagararije Imana, kandi bari barumvise ijwi ryayo? Si bamwe bari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose?


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


Nta gukekeranya kuriho ko uwutanga umuhezagiro aba aruta uwuhabwa umuhezagiro.


Dushobora kuvuga ko aba Balewi bakira ica cumi, bagihaye Melekisedeki biciye muri sekuruza Aburahamu igihe yakimuha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite