Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 6:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko umurima umera amahwa n’ibitovu nta co uba umaze, uba uri hafi kuvumwa, kandi amaherezo yawo ni uguturirwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 6:8
26 Referans Kwoze  

Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.


Murazi ko mu nyuma yarondeye kwakira umuhezagiro wa se, ariko akirukanwa. Naho yawuronderanye amarira, ntivyakunze ko se ahindura iciyumviro.


Hazoba hasigaye gusa kwitegana ubwoba urubanza rw’Imana n’umuriro uteye ubwoba uzoturira abansi bayo.


Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!”


Maze aca abwira ico giti ati: “Ntugasubire kwama na rimwe!” Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva.


Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro.


Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite