Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 6:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 bakumviriza ku vyiza vy’ijambo ry’Imana no ku bushobozi bw’ibihe bigiye kuza;

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bgo mu gihe kizoza,

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 6:5
13 Referans Kwoze  

Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.


Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.


Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.


kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.


Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.


Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Mu kwizera turatahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana; ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.


ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite