Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 5:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 5:7
38 Referans Kwoze  

Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).


Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”)


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.


Nuko Yesu araboroga, aca aracikana.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati: “Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse, ariko wanteguriye umubiri;


Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite