Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 5:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kuko na we ubwiwe ari umunyantege nke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 5:2
24 Referans Kwoze  

Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.


Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.


Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.


Nk’uko mubizi icatumye ndababwira Ubutumwa Bwiza ubwa mbere ni uko nari ndwaye mu mubiri.


Nk’uwaciye mu bintu nk’ivyo nari nkwiye kwirata, ariko sinirata inkomezi zanje, nzirata intege nke zanje.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Nimba nokwirata, nzokwirata ku bw’ibingaragaza nk’umunyantege nke.


Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Ariko umuherezi mukuru wenyene ni we yari yemerewe kwinjira mu kibanza ca kabiri c’ihema, na ho nyene rimwe mu mwaka. Muri ico kibanza yahinjirana amaraso agiye gutanga imbere y’Imana ku bw’ivyaha vyiwe no ku bw’ivyaha abantu bakoze mu butamenya.


Bene Data, nihaba hariho uwataye inzira y’ukuri maze uwundi akamugarukana,


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite