Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 5:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 5:12
23 Referans Kwoze  

Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Ariko mu rusengero, mpitamwo kuvuga amajambo yumvikana atanu arimwo inyigisho aho kuvuga amajambo ibihumbi cumi mu ndimi zitamenyekana.


Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


No kuri twebwe ni uko vyari bimeze Kristo ataraza. Twari tumeze nk’abana bakiri bato; twari abagurano b’ubushobozi bw’impwemu butegeka iyi si.


Dufise vyinshi twovuga kuri ivyo, ariko biragoye kubibasigurira, kuko bibagora gutahura.


Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite