Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 4:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 4:11
22 Referans Kwoze  

Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira?


“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira.


Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Kuko ivyo bizotuma uburake bw’Imana buza.


None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru.


Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.


Uhereye igihe Yohana umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bugenda bugwanigwa kandi abahizi ni bo bwabwinjiramwo.


Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni vyo bacamwo.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Aho kuruhukira Imana yateguye haracariho ngo abantu bahinjire, ariko ababwiwe ubu butumwa bwiza ubwa mbere ntibashoboye kuhinjira kuko bagararije Imana.


hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite