Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 4:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 4:10
9 Referans Kwoze  

Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana.


Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite