Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 3:6
46 Referans Kwoze  

Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


Mbega ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza


Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.


Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Mwame munezerewe ibihe vyose


Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutarambirwa.


Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Muri we, kandi biciye mu kumwizera dushobora kwegera Imana mu mwidegemvyo kandi tudakekeranya.


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.


(kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.


Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera h’Ahera ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu.


Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana,


Ukwizera ni ukudakekeranya ku vyo wizigiye; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.


Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!


Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite