Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 3:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko Yesu akwiye icubahiro kiruta ica Mose, nk’uko uwubatse inzu akwiye icubahiro kiruta ic’inzu yubatse.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 3:3
11 Referans Kwoze  

kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,


Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite