Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ayobokera iyamutoranije, nk’uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 3:2
14 Referans Kwoze  

bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite