Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 3:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bgayo? S’abatāyumviye?

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 3:18
16 Referans Kwoze  

Aho kuruhukira Imana yateguye haracariho ngo abantu bahinjire, ariko ababwiwe ubu butumwa bwiza ubwa mbere ntibashoboye kuhinjira kuko bagararije Imana.


Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.


Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’”


Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije.


Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite