Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye,

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 2:2
29 Referans Kwoze  

kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe vy’Imana mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”


None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.


Abatumviye ivyagezwe vya Mose bose baricwa ata kigongwe, bagirijwe n’ivyabona bibiri canke bitatu.


Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.


Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.


Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.


Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.


Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite